Burundigroups-at-messagekirundikirundi_SportsSport

Urunani rw’urwaruka ruri kubikorwa SEST ruhamagarira urwaruka kutaja mu bintazi

Urunani rw’urwaruka ruri kubikorwa SEST ruriko rurafasha urundi rwaruka rwo muri Komine Buganda ruri mu buruhuko kwitunganya

Mu ntumbero yo gufasha urwaruka ruri mu buruhuko rusanzwe rukomoka muri komine ya Buganda mu ntara ya Cibitoke, urunani rw’urwaruka ruri kubikorwa SEST mu kinyamazuru, Synergie des Enfants en Situation de Travail rwaratunganije ibikorwa vyo gufasha urwo rwaruka kutaja mu bintazi (ligala) no mubindi vyose vyohava birukwegera mubitaja ntibize.

Muvyo urwo runani rwatunganirije urwo rwaruka harimwo inkino z’umupira w’amaguru,aho kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 31 Mukakaro 2020, imigwi ibiri ariyo yatanye mu mitwe ku kibuga URUNANI c’i Buganda, urukino ruza kurangira umurwi wa Young Team wirahiye ibitsindo bibiri kuri kimwe c’umurwi Les Envoyés.

Uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu ntara ya Cibitoke Anselme Nsabimana akaba ashimira cane urwo runani rwiyumviriye gutunganya ivyo bikorwa vy’iteka.

Mwomenya ko ivyobikorwa bigiye kuzombadanya gushika kw’igenekerezo rya 25 Myandagaro 2020,uko ikirangamisi cizo nkino zizobandanya akaba ari uku:

What's your reaction?

Related Posts

1 of 684