homepageKigingikirundikirundi_Sportssport_promotedYvan muziki

Urwanda nirwo rugiye kwakira CECAFA Kagame Cup

CECAFA kagame Cup igiye kubera mu gihugu c’Urwanda, mu nama y’abarongoye CECAFA yabaye Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 09 Nzero umwaka wa 2019  mu gihugu ca Ethiopia, abarongoye CECAFA bemeje ko igihugu c’Urwanda arico kigiye kwakira ayo mahigwana y’imigwi yabaye iyambere mu bihugu vyo muri kano karere turimwo ka CECAFA.

Iryo higanwa rya CECAFA kagame Cup rikaba risanzwe rishigikirwa n’Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul kagame aho buri umwaka ariwe yama atanga amadorari ya many’America angana n’ibihumbi mirongo itandatu 60.000$ .

Akaba ari incuro igira gatatu Urwanda ruzoba gwakiriye iryo higanwa rya CECAFA Kagame Cup. Iryo higanwa rikaba riheruka kubera mu Rwanda mu mwaka wa 2014 kuva ico gihe ntiryari bwasubire kubera ku butaka bw’Urwanda .

 Mukamenya iryo higanwa rya CECAFA Kagame Cup riheruka ryabaye mu mwaka wa 2018 mu gihugu ca Tanzania aho ryatwawe na Azam Fc itsinze simba Sc ibitsindo 2-1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872