personal developmentUbudandajiUrwevu

Urwevu: Ngo ukwambara neza birashoboye gukiranura ubwonko bwawe

 

Mu gitabo citwa ”THE MAGIC OF THINKING BIG’‘ canditswe n’uwitwa ”David Shcwartz’‘, ku rupapuro rwa 147 arerekana ukuntu rero , inyambaro yawe nayo iri mubishobora kugufasha gushika ku masonga.

Mu majambo make amenyesha ko , uko wambika umubiri wawe bifitaniye isano n’agaciro wewe nyene wiha ubwawe,ivyo navyo bigaheza kandi bigafatanira isano  nuko abantu baheza bakaguha.

Aha aranatanga akarorero k’umwalimu yize ibintu bijanye na psychologia, yaheza ngo akama ahanura abanyeshure bagiye gukora ibibazo ko, uwo musi boheza bagaca ngo bambara neza cane kuko vy’ukuri ngo biheza bigafitanira isano n’uko baza kwifata mu kibazo.

Aha uwo mwanditsi nk’uko muzobibona ni mwagisoma( abataragisoma) muzoheza mubone ko ahanini mbere aha agaciro k’uburyo umuntu wenyene yibona ubwiwe.

Ibi bica biza gufatana n’ivyiyumviro vy’uyu mugabo kandi yitwa jordan B. Peterson mu gitabo citwa 12 RULES FOR LIFE aho wewe ashika kure akamenyesha ko, uko umuntu yifata ari navyo kandi bitera uko abandi bamuheza bakamufata, ngo biheza bikagiriranira isano n’uburyo ibihimba vyo mu bwonko biheza bigaca vyigenza.

Nk’uko twari twavyanditse, uwo Peterson yamenyesheje yuko, agahimba karungika ubumara “serotonime” butuma umuntu yumva aguwe  neza ngo karungika nya bumara kabanje kwihweza uko, umuntu afatwa n’abandi aho aherereye , ivyo navyo bikagiriranira isano n’uko we nyene aheza akaba yifashe.

Ako gahande rero karungika ubumara bw’urunezereza mu bwonko ngo karaheza kakwihweza uko wigenza, na canecane gafatiye ku vyiyumviro bica mu bwonko bwawe,  kagasanga nyabuna ukwiye kurungikirwa ubumara bw’ukugutera uruhagarara kuko gasanga , kihweje ivyo urimwo, ibijanye n’umunezero bitagukwiye. Karaheza kakihutira nyabuna kakihutra ubumara butuma urara udasinziriye , ivyo kakabigira kibaza ko kagufashije kugira uronke uburyo bw’ukwigwanira kuko kaba kakubonye umengo wabaye nk’uwaguweko n’imisozi.

Nayo ngo ngo uwusanzwe amerewe neza karaheza nya gahande kakaguma kamurungikira ubumara bumufasha kuguma amererwa neza. Ibi bica biza guhura na wa Mugani wo muri Bibliya uti, uwabike azokwa n’ivyo yari afise n’ayo uwavyinshi abandanye yongererezwa.

Yamara rero, weho ko uciye  urwevu’ nimba utari bwa bimenye), uraheza uko uriguyeko wiheba , ugurira agahuzu hariya abahambaye bagurira kuko nk’uko uvyumvise n’abahinga bemeza ko bizogufasha gukiranura ibiri mu mutwe maze gutyo , bukebuke bikazoguha gushika ku mataba y’Imisoze woye kwama mu kabande.

URUBOHO RWO MU BWONKO NTAWUNDI AZORUKUBOHORA ATARI WEWE NYENE! ( Ntawuhomera iyiyonka)!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 15