Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

#Urwevu| Menya intambara uriko urwanya hamwe n’ico urwanira koko!

Abantu barenga ibice 90 kw’ijana ngo ntituzi ivyo twifuza.

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Jewe nza ndihweza utuntu n’utundi ngaheza ngaca urwevu. Mu gihe maze guca urwevu nkamenya ico bita “la loi des correspondances “canke” la loi des affinités psychologiques” canke ” la loi de cause à effet” naciye nsanga ibituma turwana intambara tukaruhira gutsindwa kenshi ar’uko mu bisanzwe tutaba tuzi umwansi aho yinyegeje.

Ubiravye, usanga mu bisanzwe tutari dukwitye gukanurira amaso ibitugoye , ibi tubonesha amaso, tubona bidukikije( Abana bakugabira, ingo zigoranye, induru zama aho ukorera, ibintu bikugarariza…).

Umaze guca urwevu ukamenya ko ivyo vyose ari isanamu y’ibiriko bibera muri wewe, uraheza ugaca uhesha kwama ubangirije ukuboko k’ukurondera guhindura ibintu ukoresheje igikenye.( Inguvu).

Mu bisanzwe intambara nyamukuru zitegerezwa kubera muri wewe. Abasokuru barayamaze bati ” Uwanka isazi ata akanuka”! Ivyo bigukikije biza bikurikira ibiri muri wewe. Ivyo uko nyene ubona bikugora niko hari inguvu muri wewe nyene zigora WEWE wo muri wewe nyene. ( Ya sanamu y’Imana iri muri wewe , Christ, Higher self…).

Uburyo bwo nyene bw’uguhindura ibigukikije ni uguhindura wewe nyene. Uburyo bwo nyene bw’ukuja  hejuru , ni ukubanza gushobora kuja hejuru nuko WEWE NYENE uba hejuru yawe muri wewe.

Ivyo bigutera kukwereka ko ataco ushoboye n’ibiri muri wewe nyene, bikugaya, biba vyaragararije Isanamu y’Imana iri muri wewe. Iyo Mana nayo ni rushoboravyose. Nta kintu mu bisanzwe, mu kiringo woba uhagaze aho ihagaze , utoheza ngo ushobore gukora. Umuntu, muri iryo shusho ntaco adashoboye.

Burya mwihweje neza, mugaca urwevu, musanga zirya ntambara zose tubona muri bibiliya, ubu zirabandanya mu buryo bw’impwemu. Umuntu wese kubwiwe arafise intambara ategerezwa kurwana kugira ave aho ari muri we aheze ashike aho yategerezwa kuba ari muri we nyene. Umwami David niwe yakunda kubwira Imana ati ” Jewe nshaka kuza kuba mu nzu yawe”, canke akayibaza ngo ninde yoshobora kuguma aho ku musozi wawe? Canke ” Ngo ninde yoshobora kuba aho mw’ihema ryawe?. NONE MWIBAZA YAVUGA IKI MU BURYO BW’IMPWEMU??

Umuntu rero wewe arwana ingwano ibera muri we, agaca mu bisagara vyinshi mu buryo bw’impwemu, maze gushika aho azoshika mu gisagara c’amahoro arico bita Jerusalem, igisagara c’amahoro. Umuntu ingwano zose arwana , ni iz’ukurondera amahoro, amahoro mu mutima kuko iyo atamahoro ufise mu mutima( Peace of mind, la tranquilité de l’Esprit)  ntaco ushobora gushikako. Abantu turaja ngaho , tukibaza ngo ibiduhanze ni ifaranga yamara ukubitije akajisho hirya no hino ukumva hari n’abihaye akagozi bakiyahura. INTAMBARA YA BURI MUNTU NI UKURONDERA AMAHORO MURI WE, URETSE KO KENSHI AVYIFATAMWO NABI KUKO VY’UKURI ATAZI ICO ARONDERA.

Muzosanga cane ijambo “Amahoro” rigaruka cane mu nyandiko ntagatifu, burya n’uko ababona neza ibibera mu mpwemu bobo baheza bakabona intambara z’urutavanako , intambara zigarariza inguvu z’Imana ziri mu muntu ko zogaragara ngo yoye guhava agira ubushobozi bususa na Yo.

Intambara zikomeye z’ukurwana ni izibera muri twebwe, aho dutegerezwa guca urwevu mu buryo bwose, maze tugatuma imishaha yacu iva mu kabande maze ikaduga imusozi, ahataramutse, yeza amaso ikabona hirya no hino, hakubona imisozi gusasa, kuko na kare aho ugeza amaso hafitaniye isano n’aho uhagaze. Ivyo ubona uwu musi n’uko arivyo bigukikije muri wewe nyene. Ivyo vyo hanze ubuna ni ivyuririzi.

RONDEREA WEWE MURI WEWE NYENE

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 750