BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Uwanditse “Umukenyezi” ya Afrika Nova yipfuza kuzotaha abonye umukenyezi atwaye Uburundi

Candide Nyandwi Niyonzima yanditse indirimbo “Umukenyezi” yaririmbwe na Africa Nova ngo ari nka hamwe abonye umugore abaye umukuru w’igihugu c’Uburundi mu gihe azoba akiriho ngo yovyina agatamba agatarika, na rirya ageze mu zabukuru.

“Twaganiriye na Sogokuru,
Twaganiriye na nyoguru,
Ng’umurundikazi n’uwo gusaba,
Ng’umurundikazi n’uwo gukuya,
Ng’umurundikazi n’uwo gusasa,
Ng’umurundikazi nuwo gusya n’uwo kuvoma.

Mu kiyago yagiranye na Yaga Burundi, uwo muvyeyi yavuze ko iyo ndirimbo yayandikiye mu kazi aho yakora ico gihe, kandi ngo hari mu gihe hari himirije umusi mukuru w’abakenyezi. Candide avuga ko ahejeje kuyandika ngo yaciye ahamagara Nova amusaba kuyiririmba, niko nawe kumuyoboka aca arayihinyanyura abona kuyiririmba.

Iyo ndirimbo ayandika ngo amajambo yari ayo yavoma muriwe. Kugira akoreshe imvugo yuko yaganiriye n’abakurambere, naho kwari ukugira yerekane ko bobo ivyo bavuga vyari ivya kera. Igituma nuko bo bafata umukenyezi nk’uw’inyuma mu kigo gusa. Ico gihe nk’uko Candide yabandanije abiyagira Yaga dukesha ino nkuru yashaka kwerekana ko ibintu vyariko birahinduka, kuko hari abari batanguye kuja mu bibanza bikomeye mu butegetsi.

“Nariko ndabereka yuko… hariho ivyariko birahinduka, abakenyezi bari batanguye kuba aba Ministre, hariho abakenyezi bakora mu bikorwa bikurubikuru mu kazi ka leta. Niho naheza nkandika urwo ruririmbo rero, kugira ngo n’abantu batarabimenya, batarabitegera, n’abakenyezi bo nyene ubwabo batarabimenya, kandi batabitegera, babimenye ntibagume bagira ngo ko ndi umugore data wanje ntaco nzoronka.”

“Nti ihibambewe sogokuru,
Nti ihibambewe nyogokuru,
Nti ihibambewe sivyo gusa,
aribaruka akarera ibibondo,
ararima akagwiza umwimbu,
arigisha,
aravura,
arategeka,
araserukira igihugu,
araremesha urugo n’ikibano.”

Nyandwi avuga ko iyo ndirimbo atigeze yiyumvira ko iririmba umukenyezi, we ico yashaka ngo kwari ukugira abashe kuba ubwo butumwa. S’ico gusa yanamenyesheje ko muri kirya gihe ngo nta bwoba vyamutera, kuko yarabona ko hari mu bihe vy’impinduka, aho hari hatanguye kuboneka ko harimwo ugushaka kugira umukenyezi aronke ikibanza gikwiye. Ariko rero burya nta wushimwa na bose, hari abatabitahura ivyo bari barimwo, ariko ngo abo bari abantu bakuze.

Muri ico kiyago nyene yanavuze ko we abona ko hakewe muri kino gihe abagore b’ijunja n’ijambo bariko bakora ibihambaye mu gihugu, kandi ngo arabizi ko bahari. Murivyo akaba avugamwo kubona umuvyeyi yofata ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Igikenewe gusa ubu, nuko kumbure nabo, bokwiga gukora ibintu bikomakomeye, ibintu bihambaye. Bakabona bati umukenyezi kanaka, umupfasoni kanaka yakoze ibinibinibi, niwe afise ishirahamwe ryitwa gutya na gutya, Donc bakabona ko umukenyezi ashobora gukora ibikorwa bikomeye, kandi ndibaza ko bariho kandi babishoboye.”

Yarangirije ku cipfuzo gikomeye cane “Ivyo nipfuza ku mukenyezi ni vyinshi, habaye umukenyezi abaye umu President nkiriho novyina ngatamba, novyina nkatamba ngatarika.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775