BurundiHealthhomepagekirundi

Uwuzobitura atambaye agafukamunwa ntazokwakirwa

Ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba Reta, Mutuelle de la Fonction Publique ryafashe ingingo ko kuva ku wa 29 Ntwarante, abakozi baryo hamwe n’abanywanyi baryitura bategerezwa kuba bambaye agapfukamunwa.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y’aho hatanguye kwibonekeza abanduye umugera wa korona muri iryo shirahamwe.

Mw’itangazo basohoye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 Ntwarante 2021, abarongoye iryo shirahamwe bamenyesha ko uwutazoyubahiriza hamwe n’izindi zose zafashwe mu kwingira ico kiza atazokwakirwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764