BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Vania Ice buca ashira ahabona igikorwa bafatanije na Kivumbi King

Vania Ice nawe buca ashira ahabona indirimbo yakoranye n’umuririmvyi Kivumbi w’umunyarwanda.

 

Iyo ndirimbo yahawe akazina ka “I DEY” ikaba igiye gushirwa ahabona inyuma y’urugendo yakoreye muri ico gihugu kibanyi noneho akahakorera Media Tours aho yazungurutse mu mboneshakure n’insamirizi zitari nke muri ico gihugu.

Iyo ndirimbo izoba ibaye iya 2 akoreye muri ico gihugu inyuma y’indirimbo yakoreye muri Kina Music, ibitswemwo abaririmvyi batari bake barimwo abaza mu kibanza ca 1 mubo abanyarwanda bakunda.

Mukibuka kandi ko Kina Music na Vania bafitanye ubucuti bwa hafi cane, kuko ari nayo ikurikiranira hafi inyungu za Vania Ice .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775