BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusicUncategorized

Vania Ice ngo ashobora kwinjira muri kina Music

Inyuma y’urugendo akoreye mu gihugu kibanyi c’Urwanda, Ngo hoba hari amahigwe, ko urwo rugendo ruvyara ibindi vyamwa atari Contigo gusa.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Igihe co mu gihugu kibanyi c’Urwanda, nuko uwo muririmvyikazi Ari mu biganiro na Kina MusiC, yamukoreye amajwi y’ Indirimbo Contigo aheruka gushira ahabona, ngo bikunde baze bakorane.

Biramutse bikunze, Vania Ice akaba azoba abaye umuririmvyikazi wa 2 w’umurundi ahawe amasezerano na Label ikorera I Kigali.

Uwa mbere akaba Ari Miss Erica yavuze ko yakoranye neza cane na Kiwundo, yamufashije gukora ibikorwa vyiza Kandi vyakunzwe na benshi.

Mukibuka ko Vania Ice yanafashijwe na Dj Paulin mu kumufasha gukora Indirimbo yatumye amenyekana cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799