homepagekirundimusic

Vichou Love agiye kuduha indirimbo ari kumwe na Mb Data

Vichou Love yaragabishije abaririmvyi bagenziwe y’uko ukwezi kwa Munyonyo na Kigarama boba barabangira gusohora indirimbo nshasha kubera izo wewe afise niyazisohora abandi batazokwumvirizwa.

Adatevye yaciye aduha amasanamu y’indirimbo yiwe “Nakwisanzemwo” yakoreye mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Musomyi nawe woba waramaze kuyibona iyo video? wayibonye gute?

Ubu naho ngo agiye kuduha indirimbo ari kumwe na Mb Data
ariko ntarashima kutubwira ngo izoba yitwa gute? Izosohoka ryari?
Gusa aradutumira igenekerezo rya 27 Munyonyo 2022 mu Carama ahitwa kuri One people isaha icenda ngo hari agakemanyi ashaka kudupfundururira.

Gushika ubu ntituramenya neza na neza ico aduteguriye kuri iryo genekerezo yaduhaye.

Dusabwa kudasiba kugira ibizohabera ntituze tubibaze tuzovyibonere n’amaso yacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757