BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Vichou Love yabonetse Kwa Knowless mu Rwanda

Vianney benshi muzi nka Vichou ibintu vy’ugufata indege nk’uwufata ikinga yabigize umwuga, inyuma yo kwerekeza Kampala agafata amasanamu y’indirimbo, akanahakorera Indirimbo yakoranye n’umuhinyanyuzi Washington, ubu naho ari i Kigali.

Uwo muririmvyi azwiko cane kutorosha ibintu muri live Music, yabonetse ari muri Studio Kwa Clement. Uyu nawe akaba Ari Manager akaba na CEO wa Kina Music imwe muma Maison akomeye cane mu muziki mu Rwanda.

Naho yabonetse ari wenyene ariko arakora Indirimbo, bikaba binashoboka ko ashobora kuba azonakorana Indirimbo n’umuririmvyi wo ngaho muri ico gihugu, kuko Vichou ntamenyerwa.

Uwo muririmvyi akaba asubiye i Kigali mu gihe ata mezi menshi yaraheze abonetse ari muri amwe muma Quartier y’ico gisagara giharurwa muvya mbere mu bwiza muri Africa y’ubuseruko.

Naho hatari havuzwe icari camujanye ico gihe, bikaba vyarabonetse ko yoba yari yajanywe n’ugukora Media Tours.

Hagati y’urwo rugendo yakoze Kampala n’urwo akoreye I Kigali, Vichou akaba yari umwe mu batumiwe muri ca Kiganiro umukuru w’igihugu aheruka kugirana n’inkerebutsi, aho bashikirije ico imyuga bakora ishobora gufasha mw’iterambere ry’igihugu.

Vichou aho yahabwa ijambo, akaba yaranasavye umubonano n’umukuru w’igihugu, aho ngo ata mahera azoba agiye gusaba, kuko umukuru w’igihugu arico yari yaketse. Kuko uwo muririmvyi ari mu baheruka guhabwa ingurane n’umugambi w’igihugu PAEEJ, akaba ashobora kuba ariwe muririmvyi wenyene amaze guhabwa amafaranga n’uwo mugambi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799