BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Vichou ngo yifitiye umu Ex umwe abandi baharura abagera kw’100

Mu gihe abandi baririmvyi b’ibihangange bagenziwe aba Ex banka kuvuga igitigiri, n’uwubavuze akavuga umurengera, Vichou Love we ngo yifitiye umwe gusa naho nyene atemeza ko ari nawe kuko ngo batigeze babiganirako.

Uwo muririmvyi mwanditsi akaba n’umuririmvyi wa Sorry avuga ko intandaro y’ukutagendana n’abakobwa benshi ngo n’uburyo yarezwe kuva acaruka.

Vichou ngo yakuriye mu babikira, akura yigishwa gusenga cane, yisanga ivy’ubuguruguru bitari ku rutonde rw’ivyo yategerezwa gukora muri ivyo bihe vy’ubuyabaga vyiwe.

“ Burya sinakundanye gose, nakuriye mu babikira, wasanga indero baduha, wasanga ibintu vy’ugusenga  cane, ugasanga umuntu arakuze nyene bwa buguruguru bw’aba Jeune atabuciyemwo. Uka kwisanga umbajije aba Ex, abandi bakubwira 8, jewe ata na 3 mfise. ”

Vichou ku kibazo c’uburyo bigorana kuronka umukunzi, avuga ko bivana n’uburyo umuntu yakuze, kuko ngo abanya gisagara n’abana ba ruguru ngo n’ivyiyumviro si bimwe,nico gituma habamwo ukutaronka inguvu zingana z’ukugerageza gukora ico gikorwa.

“Ah’uba warakuriye, harashobora kugufasha. Kuko nkubu umuntu yakuriye mu gisagara n’uwakuriye ruguru, hatari I Bujumbura, uca usanga  ivyiyumviro bidasa. ”

Ariko naho wumva ko ibintu vy’ukwiyegereza inkumi atabikuriyemwo, uno musi Vichou aharurwa mu baririmvyi bake bandika amajambo y’urukundo kandi akundwa na benshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776