homepagekirundikirundi_SportsWorld News

Video | Cristiano yashimiye abakunzi biwe barenga imiliyoni 200 afise kuri Instagram

Cristiano yasubiye kwerekana ko akunzwe mu gukwiza abantu imiliyoni 200 kuri Instagram bamukurikirana, aho ni mu gihe adasiba kwifatira ikibanza ca mbere mu bintu bitari bike mu mupira w’amaguru.

Uwo mukinyi rurangiranwa w’umunya Portugal abarizwa mu butariyano muri Juventus de Turin, abicishije kuri urwo rubuga nyene, akaba yaciye ashimira abantu bamukurikirana, aho we avuga ko bafashanije muri urwo rugendo. Ronaldo akaba ubwo butumwa bwagiye bujanye n’ishusho ryerekana ama foto atandukanye yiwe kuva akiri muto muri urwo rukino.

Uwo mukinyi akaba gushika ubu aciye afata ikibanza ca 1 mu bakinyi bakina umukino umwe mu gukurikirwa cane nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Foot Radio abishikiriza.

 

 

View this post on Instagram

 

Wow 200 million!!! Thank you to each and every one of you for sharing this journey with me every day!!👏🏽❤️

A post shared by Cristiano Ronaldo (@cristiano) on


Abo bahanganye muri uwo mukino bo bakaba bakiri kure nk’ukwezi, aho ni nka Lionel messi afise abarenga imilliyoni 140, nayo Neymar akaba abarizwa mu bagera ku miliyoni 130.

Mukamenya ko urwo arirwo rubuga asanzwe atanarukoresha cane nka Neymar, kuko mu mafoto make ashirako, ibice bishika kuri 30 canke 40 kw’100 vyazo biba vyarishwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871