bp-members-invitationBurundigroups-at-messagekirundikirundi_SportsSportvolleyball

#volley ball| Mutaho niyo komine izokwakira urukino rwa nyuma

Komine Mutaho yo mu ntara ya Gitega niyo izokwakira ihiganwa ryitiriwe incungu kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 31 Gitugutu 2020 ku kibuga cubatswe n’umurwizatunga adandaza ibitoro yitwa Epaphrace.

Imirwi izokina urukino rwa nyuma ikaba yamaze kumenyekana akaba ari Gacosmos mu bagabo na Rukinzo hamwe na Muzinga na GLC mu bakenyezi .

Iyo ntara rero ikaba imaze kuramura abakinyi benshi nka Baziri Arthur ,Beruburundi Donard , Richard batazira Yaka n’abandi ,mw’ishirahamwe rya volley ball mu Burundi barashima cane itunganywa ry’iryo higanwa nkuko bimenyeshwa na David Bigirimana batazira Comos arongoye igisata c’ubuhinga.

Mwomenya ko muri iryo higanwa bemerera gukina abakinyi bashasha imirwi iba imaze gusinyisha ,akarorero ni Dorcel wa Bisoro ,Patrick Bizimungu na Hugues Igiraneza bahora muri Rukinzo ubu begukira Gacosmos irongowe na Barandagiye Pascal yahora arongoye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 684