Basketballgroups-at-messagehomepagekirundikirundi_SportsSport

Volley ball yarabuze inararibonye mu Burundi

Umukunzi wa Les As Volley yaritavye imana kw’igenekerezo rya 31 Rusama 2020 i Bujumbura akaba yasezeye isi afise imyaka 70 y’amavuko.

Umuhisi Vincent Niyonkuru batazira Mutama avuka muri komine Vugizo mu Ntara ya Makamba yari umukunzi wa volley ball akomeye ivyanatumye aherekeza umurwi wa Les AS muri Madagascar muri 2014 , kuri uyu wa kane igenekerezo rya 4 Ruheshi niho yafubanywe iteka mw’itongo ry’abapfuye ku Mpanda .
Ku bazi cane uwo muhisi bemeza ko yakunda cane urwo rukino mbere ngo rwamutembere mu maraso kanatsinda ngo yama hafi y’abakinyi akabahimiriza kwitwara neza, gukunda amashure no kugira indero.

Ikinyamakuru canyu Indundi kirahojeje umuryango wiwe hamwe n’abakunzi ba volley ball bose muri rusangi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 885