bp-members-invitationhomepagekirundikirundi_Sportsvolleyball

Volleyball: Championat National: ASB na Muzinga zaraye zitahukanye ibikombe.

Imirwi 14 niyo yari yitabiriye ihiganwa ryo kurwego rw’igihugu inkino zo mu matsinda zikaba zabereye mu gisagara ca Gitega ahari amatsinda abiri agizwe n’imirwi 3 muri buri tsinda n’i Bujumbura hari amatsinda 2 agizwe n’imirwi 4 muri buri tsinda.

Igice ca kabiri gishira icanyuma kikaba cakiniwe mu gisagara ca Bujumbura aho mu bagabo ASB yatsinze Muzinga amaseti 3 kuri 1 nayo Rukinzo itsinda Gacosmos amaseti 3 kubusa.
Nayo kuruhande rw’abigeme Muzinga yatsinze Les AS amaseti 3 kubusa nayo GLC itsinda Panthers amaseti 3 kubusa nyene

Mu nkino zanyuma arizo Finale Umurwi wa ASB ukaba ariwo watahukanye igikombe inyuma y’ugutsinda Rukinzo amaseti 3 kuri 2 nayo mu bigeme Muzinga itsinda GLC amaseti 3 kuri 1

Mwomenya ko muri izo nkino Umukinyi Evrard wa Amical yikurikiranije ibikombe bibiri inyuma yo gutwara ico mu mwaka uheze arikumwe na Rukinzo, nayo umumenyereza wa ASB Arthur Baziri akaba atwaye igikombe nk’umumenyereza yari yarigeze kugitwara nk’umukinyi ivyari bimaze gukora Kabura Casssien ubu amenyereza Rukinzo.

Umurwi wa Amical ariwo ASB ukaba wari waraguze abakinyi kugira wikomeze ,abo nabo ni nka Paterne Dukundane, Evrard na Bryan Mugabowingabo n’umumenyereza Arthur Baziri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872