bp-members-invitationBurundiÉnergieGendergroups-at-messagekirundikirundi_SportsSportvolleyball

Volleyball: EGIA umurwi mushasha w’abigeme wanyuzuwe

Mu rukino rwa volley haheruka kuvuka umurwi mushasha w’abigeme wiyongera kuyari ihasanzwe . Uyo murwi ukaba uhasanze imirwi nka Muzinga , GLC , Les As na Panthers.

Mu mpera z’ino ndwi ihiganwa rya Volleyball ryarabandanije mu gisagara ca Bujumbura.
Inkino zikomakomeye nizo zahuje imirwi mu gisata c’abagabo hamwe n’igisata c’abakenyezi.

Indundi sport ikaba yabatororokanirije uko imirwi yahuye:

Ku wa gatandatu igenekerezo rya 5 kigarama 2020

GLC vs EGIA: 3-0.
Gacosmos vs Bisoro: 3-2.
ASB vs BUN: 3-1.
Rukinzo vs Muzinga: 3-1

Ku w’imana igenekerezo rya 6 Kigarama 2020
Muzinga vs EGIA VB 3-0
Gacosmos vs Muzinga 3-0
Rukinzo vs BUN 3-2
Amical vs Bisoro 3-0

Mwomenya ko muri AVAB ishirahamwe rya Volley I Bujumbura baherutse kwakira umurwi w’abigeme EGIA wamuka mw’ishirahamwe ryabize muri ENF ubu yitwa lycée St Thérèse Mushasha i Gitega.

Umurwi EGIA (ENF Gitega in. Action) uhurikiyemwo inkumi zitarashikana imyaka 23 muri rusangi vyumvikana ko uzotera imbere niwashigikirwa , nubwo biboneka ko washikiye gutsindwa, aho mu nkino zibiri zose wakinye watsinzwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 685