groups-at-messagekirundikirundi_SportsSport

#Vollyball | Rukinzo na Muzinga nizo zatahukanye i bikombe vyitiriwe Incungu

Bitaboroheye na gato umurwi wegukira igi Police C’Uburundi mu bagabo niwo watsinze wongera utahukana igikombe citiriwe incungu z’uburundi utsinze Gacosmos muri Seoul, aho hakaba ari inyuma yaho banganirije itsinzi zibiri ku zindi.


Ku ruhande rw’abigeme umurwi wegukira igisirikare c’Uburundi Muzinga akaba ariwo watsinze utarushe GLC(Gender Ligth Club) mu kubatwara itsinzi zitatu badakozemwo.
Kari akanyamuneza ku nzego z’Umuteka z’i Burundi zatahukanye ivyo bikombe, ndetse no muri Federation ya Volley Ball muri Rusangi.


Izo nkino zikaba zari zatunganijwe na Federation ya Volley Ball mu Burundi kw’ igenekerezo rya 30 gitugu i Mutaho mu ntra ya Gitega, kakaba kari n’akaryo keza ko kwinjira ikibuga ca kijambere cubatswe mu bufatanye nbwa Komine kumwe n’imvukira, aho twovuga nk’umurwizatunga azwi kw’izna rya Epaphras NKengurutse nyene Station Yakeime Oil Company(Kigobe, Kamenge, Mutaho), Honorable Denis Karera n’abandi..

Umushingantahe Gordien Nkengurutse aramutswa Federation ya volley Ball akaba yarakengurukiye cane ,umurwizatunga Epaphras muri Yakeime Oil Company, Abarongoye Komine Mutaho, umukozi w”Imana Dieudonner Nahimana, abashingamateka batowe muri iyo ntara, kumwe n’imirwi yitanze uko ishoboye kugira inkino zigende neza.

Epaphras NKengurutseStation Yakeime Oil Company(Kigobe, Kamenge, Mutaho)

Kuruhande rwiwe NKengurutse nyene Yakeime Oil Company, arakengurikira Federation kubona yahisemwo Komine yabo, akanatera intege abandi barwiza tunga zo gushigikira inkino kuko ari vyiza cane kandi bitanga akanyamuneza mu bakunzi b’Inkino.

Kuruhande rwa Merchiade aramutswa i komine ya Mutaho yarekungurutse iryo teka batewe mu gutorwa i komine yabo mu makomine yose agize igihugu, kandi aryoherwa n’akanyamuneza vyasigiye aba Nyamutaho.

Mwomenya ko ivyo bikombe bitanzwe ubwambere muri Volley Ball, kikaba gitashe mu gi Police no mu gisirikare c’Uburundi.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 646