BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Vuba Kidum arerekeza i Kigali

Mu migambi ya vuba, Kidum ngo agiye gukorera igiteramo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, ivyo uwo muririmvyi akaba aheruka kubishikiriza mu kiganiro Imbaraga mu guhimbaza kiremeshwa n’umumenyeshamakuru Eddy Kamoso.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi akaba yashikirije ko aho aheruka mu gihugu kibanyi mu kwezi kw’7, ngo yari yagiye gutembera bisanzwe, ariko ngo yasanze ibintu ari sawa.

Muri urwo rugendo, uwo muririmvyi ngo yarahamagariye abaririmvyi b’abanyarwanda gutemberera Uburundi, ivyahavuye bica bikunda, kuko inyuma yiwe ngo abaririmvyi bahavuye bajabuka bakora ibiteramo.

Kidum muri ico kiganiro akaba yavuze ko igisigaye ari uko nawe akurikiza wa mugani ngo “Agafuni kabagara ubumwe, ni akarenge”, noneho nawe aje gukorerayo igiteramo.

Ariko uwo muririmvyi akaba atatomoye neza ngo avuge ryari azokorerayo ico giteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775