homepagekirundimusic

Vyavuye mu majambo ubu twamenye n’indirimbo zizoba zigize album yiwe

Chany Queen haraciye igihe atumenyesheje ko agiye gushira ahabona album yiwe izoba izwi kw’izina rya” Colors”.

Muri ukwo kurindira tubandanye turindiriye igenekerezo iyo album izoshirwa ku mugaragaro kuko ico yatweretse gusa n’indirimbo zizoba zigize iyo album.

Igenekerezo rya 17 Munyonyo 2022 niho yashimye kurekura cover yerekana indirimbo zizoba zigize album yiwe nazo zikaba ari indirimbo 6.

1. Colors

2. The wall
3.  Follow your way

4. Nohwera ft B Face
5. Eza suka
6. Naskia ft John key.

Bandanya ukurikirana Indundi Magazine vyose tuzobikumenyesha ng’aha uko azoshima kuzisohora.

Tubibutseko izoba ari album ya mbere ya Chany Queen kuva atanguye gukora umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756