BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Wallace yavuze ko Ingo Music live Band bagiye gusohora urukurikirane

Umugwi Ingo Music uri muri Studio ufise urukurikirane uriko urategurira bantu bawukunda, Ivyo bikaba ari ibiheruka gushikirizwa n’uwurongoye uwo mugwi akaba kandi no mu bawushinze.

Mu kiganiro n’imboneshakure ya hano iwacu, Wallace yabajijwe igituma badashira ahabona basi igikorwa na kimwe kandi bizwi ko ari umugwi ukunzwe cane hano iwacu. Uwo muririmvyi yamenyesheje ko hari ibikorwa bimaze igihe kitari gito bariko barakora, kandi ngo bizosohoka vuba.

Wallace yongeyeko ko muri urwo rukurikirane bariko bashaka kuzoshira ahabona, ngo harimwo zimwe murizo zizosohoka imbere yuko izindi zisohoka, kugira bikunde zitegurire inzira izindi.Aho ngo azoba ari kandi kugira abantu baronke igikorwa kizoba citirirwa bo, kandi ngo ugushira ahabona urwo rukurikirane ngo n’igiteramo kizokorwa.

Ariko hampande y’ivyo bikorwa bariko bakorera hamwe, uwo mutware yavuze ko abaririmvyi batandukanye bari muri uwo mugwi bafise nabo ibindi bikorwa bitandukanye bariko barategura gushira ahabona. Akaba yashimye kwiherako mu gutanga akarorero kuko ngo afise indirimbo zitari nke zarangiye ariko zirindiriye gushirwa ahabona gusa.

Mukibuka ko uwo mugwi usanzwe ufise umuhinyanyu akomeye basanzwe bakorana, Yves Kolly, akaba kandi n’umwe mu bagize uwo mugwi. Uwo mugwi kandi ukaba usanzwe ufise inzu y’ubuhinyanyuzi ariyo isanzwe itwarwa n’uwo atwara uwo mugwi nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775