africa newsEast Africa NewsEntertainmenthomepagekirundiMovies

Wema Sepetu ngo asigaye asa n’umukecuru naho yagabanutse

Inyuma yaho Wema Sepetu atereye ibiro bitari musi ya 50, uwo mwigeme ngo ubu mu maso hiwe hasa n’ah’umukecuru, abafana biwe bamwe bamwe bakaba babona ko vyiza yari kuguma uko yari.

Nk’uko amakuru dukesha ibinyamakuru vyo muri ico gihugu avuga, ngo uwo mukinyi w’amareresi akomeye muri ico gihugu ngo asigaye afise mu maso hiwe hadahumuriza benshi, naho we bivurwa ko yashikanye ukwo yipfuza. Kugarukana umubiri yarafise agitorwa kuba Miss Tanzania.

Ikindi kinavurwa kuba yaripfuza mu kugabanuka, kwari ukugira abashe gusama, kuko ukuvyibuha ngo nakwo kwari intambamyi ikomeye mu kuronka ico kibondo. N’abaganga mu buhindi aho yari yagiye kwivuriza banamusavye kugabanuka.

Uwo akaba we ata kinini abivugako, uretse ko abandanya abwira abantu gushira mu duhamagazo twabo App yiwe yitwa WemaApp ngo bikunde bakurikirane hafi ibikorwa vyiwe.

Mwokwibuka ko Wema Sepetu aharurwa muri bamwe mu bigeme bakomeye cane muvy’amareresi muri Tanzania, akaba avyinjizamwo amahera atari make.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770