africa newsEast Africa NewsEntertainmenthomepagekirundi

Wema Sepetu ngo azopfana agahinda

Mu gihe umukinyi w’amareresi muri Tanzania Wema Sepetu abandanya kugwana ngo azoronke umwana, inyuma yaho aviriye mu mahanga kwivuza, uwo mugore yahavuye asubira kandi kugira ico abivuzeko.

Mu kiyago aheruka guha imwe mu mboneshakure zo muri Tanzania, uwo mwigeme yamenyesheje ko inyota y’ukuronka umwana itazopa umuvuyemwo.

Wema yabandanije ikiyago avuga ko naho vyoshika akitaba Imana atamuronse, ngo bizotuma nawe apfa agahinda kenshi kubera kubura umwana.

Wema bamubajije ivy’umukunzi afise muri kino gihe, yamenyesheje ko ata kinini yobivugako kuko adashima kumushira ahabona.

Aha mukamenya ko amakuba aheruka kumushikira, ari amashusho yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram arikumwe n’umugabo bahuriye hano iwacu yitwa Patrick, noneho asubiye muri Tanzania ashika bamushira imbere y’Ubutungane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769