East Africa NewsAkes DonEntertainmenthomepagekirundiMagic Soldier Kingorongoro

Wema yavuze ko haheze amezi 6 atazi icitwa umugabo

Wema sepetu ngo abagabo bamurondera ni benshi, ariko yarabashije kumara amezi 6 ata mukunzi agira, kandi ataryamana n’umugabo, kuko abona ko rimwe na rimwe ari ngirakamaro kwegera hirya y’iryo jambo.

Wema sepetu yasubiriye kandi kugirana ikiganiro n’abamenyeshamakuru aho yagize vyinshi avuga ku buzima bwiwe, mbere anavuga ku bijanye na kahise kiwe ka hagufi.

Uwo mukinyi yavuze ko muri kino gihe ari wenyene ata mugabo arikumwe nawe, haraheze amezi ashika kuri 6. Abajijwe uko abigenza, yavuze ko hariho igihe biba ngombwa ko umuntu yegera hirya y’ayo majambo.

Wema yanavuze ko muri kino gihe amaze amezi 6 ataryamana n’umugabo, ngo s’uko abamurondera batabuze, ngo abamukurikira ni benshi cane gusumba.

Wema yanavuze kandi ku kijanye nuruvyaro, aho avuga ko arindiriye ico Imana izomuha, ngo niyaramuka aruronse azovyakiriza Amaboko yompi.

Mwomenya ko uwo mukinyi yaramaze igihe yarahagaritswe n’uburongozi bw’ikigo kirabira hagufi ivy’abanyabuhinga muri Tanzania. Ibijanye n’amareresi akaba ayari yarashize ku ruhande, gushika muri uku kwezi bamwemereye gusubira gukora, aho yaciye avuga ko afise ibikorwa bitari bike agiye gukora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769