BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Natacha ngo ashaka Awards ziyubashe

Ngendabanka Natacha ngo ama Awards yipfuza n’ayaboneka, ayiyubashe. nayo iyo muri Burundi Talent Awards bari bamuteguriye ngo nibayihe Chany Queen nawe nyene yarakoze neza.

Natacha Ngendabanka aho ageze ngo saho gukinisha, ubushimwe ashaka ngo s’ubw’abategura ibintu umengo nta mugambi babifisemwo, ahubwo we avuga ko ashaka ubushimwe bwiyubashe kuko ubu adakurikiranwa n’abarundi gusa ari ngo na Afrika nzima. Ivyo natacha akaba yabiyagiye ikinyamakuru Mashariki.

Muri ico kiganiro natacha atumirira abakunzi b’ibikorwa vyiwe kubandanya bamutora mw’ihiganwa arimwo muri Uganda co kimwe no muri Isanganiro Awards, ariko mw’ihiganwa rya Burundi Talent Awards ngo agashimwe kiwe nibagahe Chany Queen.

Natacha yanaboneye akaryo ko gushimira abarundi ukuntu babandanya bamutora muri ayo mahiganwa.

Ngendabanka aheruka gushikira urubuga rwa Instagram rwa mbere mu burundi rukurikiranwa na benshi, 1,300,000, yanavuze ku bantu ngo bari bikuye muri iryi higanwa hama mu nyuma ngo akumva ngo basubiyemwo, ivyo we atokora kuko ngo ari ugucafuza izina ryiwe.

Mwomenya ko Bivurwa ko Big Fizzo na Kidum bisubiyeko, aho umwe yari yavuyemwo kugira ko hoba hari harimwo ukurenganya abantu bamwe bamwe kubera ukutabashiramwo, nayo uwundi ngo kwari ukubera abantu basa n’abadashaka iterambere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760