homepagekirundisampleeeeeTechnologyWorld News

Whatsapp yazanye Whatsapp pay uburyo bwo guhanahana amahera bakoresheje uwo muhora

Abasanzwe babarizwa mu buhindi “Inde” guhera kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 6/11 barashobora guhanahana amafaranga bakoresheje Whatsapp Pay, ako kakaba ari akandi kabirya kaje kiyongera ku bundi Whatsapp igirize igihe iratanga ku basanzwe bakoresha urwo rubuga.

Nkuko amakuru dukesha India Today abishikiriza,ngo umuntu ashobora kuriha ikintu cose aguze akoresheje ubwo buryo bwo kuriha hadakoreshejwe amafaranga (Cash) ahubwo hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi. Ubwo buryo bukaba buje bwiyongera ku bundi nka Google Pay bwari busanzwe bukoreshwa muri ico gihugu.

Kugira ushobore kubukoresha, ico kinyamakuru kimenyesha ko utegerezwa kubanza kugira Update y’iyo Application yawe, noneho ukabona kuyikoresha. S’ico gusa kuko ngo utegerezwa kuba ufise Compte muri ico gihugu kandi ukanagira n’ikarata yo kurihirako uhabwa n’ibanke yawe ibarizwa muri ico gihugu, binumvikanye ko utegerezwa kuba ukoresha aka numero komuri ico gihugu kuri Whatsapp.

Ico kinyamakuru cashikirije ko kugira ico gikorwa gishikweko urubuga rwa Whatsapp rwagiye hamwe n’ama banki akomakomeye muri ico gihugu harimwo n’ibanke nkuru y’igihugu. Ubwo buryo bwa Whatsapp bukaba bwifashishije ubundi buryo basanzwe bakoresha muri ico gihugu, UPI, kugira babashe guhuza ama Bank 19 akomeye muri ico gihugu.

Ivyo bikaba bishitsweko inyuma y’igihe kitari gito bariko babigerageza muri ico gihugu ca mbere kw’isi kirimwo abantu benshi bakoresha uwo muhora wa Whatsapp, ubu bikaba bitarakunda ko n’ibindi bihugu bihabwa ubwo buryo bwo kuriha hakoreshejwe Whatsapp pay.

Aha mukamenya ko izi mbuga zirimwo Facebook, Whatsapp, n’izindi zibandanya kugerageza kwugurura ubwo buryo bubatuma abakoresha izo mbuga bagiye kugura ibintu, kugira bitaba ngombwa ko bazivako ngo baje kurondera ubundi buryo bwo kuriha. Zimwe zimwe zo zikaba zaramaze kubishikako, zirimwo Google canke Samsung.

Mu karere Uburundi buherereyemwo ubwo ni Vuba?

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755