BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Stikk ngo ntiyicuza ivyo yabayemwo muri kahise kiwe, kuko yakoze ivyo yashaka

Kuri Micro ya Lee marvin, Stikk ngo ntiyicuza ivyo yaciyemwo muri kahise kuko yakoze ico yashaka gukora muri ico gihe. Ariko kandi ngo ntakundi gusubira inyuma muri kahise. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa mu kiganiro Agatimatima ku mboneshakure Buki Moon ikorera ku rubuga rwa Youtube.

Muri ico kiganiro Stikk yamenyesheje ko abandanya kwitegurira gushira ahabona urukurikirane rwiwe, naho rumaze igihe kitari gito ariko arondera uburyo abishikako.
El Negro avuga ko vyatevye kuko ubu ari wenyene, bimusaba inguvu zitari nke ngo bikunde ashike kuri ico gikorwa, bitandukanye n’igihe yarakibarizwa muri Overdo Team. Ivyo bikaba vyabaye amaze kugaruka mu muziki, kuko yaramaze igihe kitari gito yarahagaritse umuziki.

Uyo musore uno musi yakiriye Yezu nk’umwami n’umukiza w’ubugingo bwiwe, akaba yavuze ko yize vyinshi mu misi yamaze atabarizwa mu muziki. Murivyo ngo harimwo gutanga ico uri apana ico ufise.

Stikk akaba kuva agarutse amaze gushira ahabona indirimbo zirimwo Ikiri ku mutima haraheze imyaka 2, Ikirezi haraheze amezi 6,hamwe na Uri mu mutego yakoranye na Overdo Team haraheze amezi 6.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 759