homepagekirundimusic

Ya ndirimbo ya Double Jay na Kenny Sol yamenyekanye

Mu misi iheze hari amakuru yavuzwe menshi ko umuririmvyi Double Jay afise Collabo yakoranye na Bruce Melodie ariko vyanse ko isohoka kuko boba bamusavye ko atanga amafaranga muri Bantu Bwoy kugira iyo ndirimbo ibashe gusohoka.

Yaba ku ruhande rwa Bruce Melodie, ndetse no kuruhande rwa Bantu Bwoy eka mbere n’uruhande rwa Bilimani Boy ntana hamwe bigeze bagira ico bavuga kuri iyo nkuru.

None uwo musore uno musi hataramenyekana ko ayo akoresha mu bikorwa vyiwe vy’umuziki yoba ayahabwa n’umu Manager wundi, canke ari ayava ku mufuko wiwe, agiye gushira ahabona indirimbo aheruka gukorera muri Tanzania.

Amakuru yava hirya no hino ico gihe akaba yavuga ko bahuriye Zanzibar ariyo bakoreye ibikorwa vyabo, naho hatari bwamenyekane izina ry’indirimbo co kimwe n’igihe iyo ndirimbo izosohokera, ariko umuririmvyi we akaba yari asanzwe azwi ko Ari Kenny Sol yigeze kuba ari mu minwe ya Bruce Melodie nababwiye ko vyavuzwe ko bari bafitanye Collabo ariko ntiyasohoka.

Iyo ndirimbo yahawe akazina ka Quality, amajwi akaba yakozwe na Element umuhinyanyuzi wo mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Naho igihe izosohoka ikaba izosohoka igenekerezo rya 26/8, nk’uko amakuru dukesha ikinyamakuru Akeza net abishikiriza. Ariko hakaba hataramenyekana nimba iyo ndirimbo izosohokera kuri YouTube ya Kenny Sol canke izosohokera kuri YouTube ya Double Jay.

Mwomenya ko Double Jay ari umwe mu baririmvyi bakunzwe cane muri ico gihugu, aho imwe mu ndirimbo yaririmvyemwo yakunzwe ari indirimbo Ibisusu co kimwe na Yooh RMX.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757