BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yaba Big Fizzo yaba Michael Jackson nta umwe yosaba Lolilo kwiyandikisha ngw’amwemerere

Big Fizzo na Lolilo ngo nta kibazo na gitoya gihari, basanzwe bumvikana. Ariko ico ntigishobora guca gikorerwako ngo amusabe kwiyandikisha mu kuja mu mahugurwa baba bateguye. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’uwo muririmvyi ubwiwe mu kiyago yagiranye n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Uwo muririmvyi yavuze ko umuririmvyi mugenziwe ngo adashobora kumusaba kwiyandikisha  kugira aje mu mahugurwa yateguye ngo avyemere. Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi akaba yabandanije avuga ko uwariwe wese yomutumira atagerezwa kwitaba.

“Jewe umuntu uwariwe wese antumiye muri Seminaire ndagenda, Isanganiro Awards bagize Seminaire yabo barampamagaye naragiyeyo. twarikumwe n’abacuraranzi benshi, abamenyeshamakuru (…) twari benshi.  Jewe rero nukuvuga ko uwumpaye Invitation akambwira lolilo ndagukeneye kuza muri Seminaire, nta kibuza ntegerezwa kuza, naho woba uri nde. ”

Lolilo muri ico kiganiro yanayiciye umuryango avuga ko na Jackson nubwo yari kuzuka amusaba kwiyandikisha mu vyigwa nkarishabwenge (Seminaire) ariko arategura ngo ntiyari gupfa ahonyojeyo ikirenge.  Yagize ati : “Nubu ndasubiye kubivuga, Fizzo naho vyogenda gute akavuga ngo niyandikishe kuja muri Seminaire yiwe Ntibizopfa bibaye, ankeneye azombwira. Iyo yashaka ko ngenda muri Seminaire yiwe yari kuntumira, kuvuga kurya naho nuko bambwiye ko kuja muri Seminaire yiwe ntegerezwa kwiyandikisha,  nanje namubwiye ko naho Michael Jackson yari kugaruka kwisi, akavuga jewe ndagize Seminaire, lolilo utegerezwa kwiyandikisha, sinari kujayo.”

Aho n’inyuma yaho humvikaniye amajambo menshi avuga n’impande zose yaba Lolilo, yaba Big Fizzo co kimwe na  Akes, aho bamwe bavuga ko bari bakwiye guhamagarwa bagahabwa ubutumire ariko ngo batabanza gusabwa kwiyandikisha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775