Burundifootballgroups-at-messagekirundikirundi_SportsSport

Yazanywe muri Kayanza United ngo ayifashe

Umukinyi wa kera akongera akaba umurundi umwe rudende amaze gufasha umurwi wo mu Burundi gutahukana CECAFA mwigori y’imirwi Méthode Bipfubusa amaze igihe gito ari umumenyereza w’abanyegori mu murwi wa Kayanza United nkuko yabiganiriye Indundi sport.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru canyu kuri téléphone Bipfubusa Méthode ntiyahakanye amakuru avuga ko ariko afashanya na Kayanza United .

“Murumunanje akaba umumenyereza mukuru wa Kayanza Joslin niwe yansavye ko noza tugafashanya muri gino gihe ihiganwa ry’urwanda nsanzwe menyerezamwo abanyegori ba Espoir y’i Rusizi “

Yabandanije ati:” Narasavye uruhusha umurwi wanje ko noba ndafasha muri Kayanza United mu kiringo bataratangura ihiganwa nabo barabinyemerera.”

Mwomenya ko Méthode Bipfubusa atari irya mbere akoranye na mutoyi wiwe Joslin Bipfubusa kuko bigeze gukorana muri Aigle noir the fighters imbere yuko aja kumenyereza muri Espoir mu Rwanda .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717