BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yoba ariyo Vichou Love yavuga?

Umuririmvyi Vichou love inyuma y’urugendo yakoreye I Kigali mu Rwanda, akahakorera ibiganiro bitari bike, birimwo ivyaciye ku mbuga ngurukanabumenyi co kimwe n’imboneshakure zisanzwe, hakanamenyekana ko hoba hari Collabo ahafise, ubu naho agiye gukorana n’uwa hano iwacu.

 

Muri Post yashize ahabona kuri uyu mungu, uwo muririmvyi yavuze ko Indirimbo yiwe na Mb Data izosohoka imbere yuko ukwezi kwa 11 guhera. Uwo muririmvyi akaba yaheruka kugabisha abandi baririmvyi ngo babe basohoye Indirimbo zabo hakiri kare, kuko ukwezi kwa 11 na 12 Ari rwiwe. Nta wuzi rero ko iyo ndirimbo ariyo yavugwa na Vichou.

Mukamenya ko aho aheruka i kigali uwo muririmvyi yabonetse arikumwe n’umwe mu baririmvyi bakunzwe i Kigali ariwe Niyo Bosco, bikaba binavugwa ko boba barakoranye igikorwa.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775