homepagekirundi_Sports

Mu nkino za Chan Uburundi bugiye kuhatorera akoyoko

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Africa (CAF) ryahinyanyuye amategeko agenga ihiganwa rya CHAN rigiye gukinwa uko bitari bimenyerewe .

Iryo higanwa ryashinzwe mu mwaka wa 2009 rije guha akaryo abakinyi bakina imbere mu bihugu vyabo kugira biyerekane nabo bashobore mbere no kudandazwa mu yandi mahiganwa, CAF yamaze guhindurira uburyo rikinwamo.

CHAN yo mu mwaka 2024 izotunganywa n’igihugu ca Kenya izobonekamwo abakinyi badakina mu bihugu vyabo gusa, ahubwo n’ abakina no mu bihugu bitandukanye vya Africa .

Ikiboneka nuko Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba ugiye kuhatorera akoyoko gutyo ugatanga umunezero ku barundi narirya abakina muri Primus Ligue ihiganwa rikuru ry’umupira w’amaguru mu Burundi ataco bari bacatsa mur’iryo higanwa bivanye nuko urugero rwabo wasanga rutari hejuru gutyo Uburundi bukama buviramwo mumajonjora hakiri kare. Uburundi rero buhiriwe buhishije kuko abakinyi babwo bakomakomeye benshi basanzwe bakina mu migwi ya hano muri Africa nk’akarorero mu gihugu c’Urwanda, Tanzania, Libya, Égypte n’ahandi .

Mwomenya ko iryo higanwa uburundi buheruka kuryitabira muri 2014 mu gihugu ca Africa y’epfo burikumwe n’abakinyi nka Fiston Abdoul Razak, Arakaza Marc Artur arinaho bamenyekaniye cane .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775