BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Yoya Jamal aragarutse, canke n’ukubapfuvya?

Ubwo Issa Jamal benshi muzi nka Yoya, yoba agiye gusubira Kandi kugaruka mu Muziki nkuko vyahora? Ico Nico kibazo twokwibazwa kubera Indirimbo nshasha yashize ahabona.

Uwo muririmvyi abarizwa ku mugabane w’uburayi, neza neza mu bwongereza, akaba yashize ahabona uno musi wa mbere igenekerezo rya 7/8 Indirimbo yiwe nshasha yari igize imisi inuganugwa yise TINA.

Inyota abafana bari bafise ikaba yari nyinshi, kuko mw’isaha, 1500 bari bamaze kuyiraba, mu masaha 3, ikaba yarimaze kurenza 7000.

Iyo ndirimbo ikaba yasohotse Ari amasanamu ikitari giherutse Kuri uwo muririmvyi, kuko Indirimbo ya nyuma yaheruka gukorera amasanamu yari Indirimbo Rukundo yasohoye haraheze imyaka irenga 8, aho yari mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Iyi ndirimbo yahawe akazina ka Tina ikaba yakozwe n’umuhinyanyuzi w’umunyarwanda asanzwe aba mu Bubirigi, ariko ikaba ishobora kuba yakorewe mu bwongereza kuko habonetsemwo amasanamu y’ikiraro kitwa Tower co ku mugwa mukuru Londres mu bwongereza.

Iyi ndirimbo yumvikanamwo agahinda, ikaba isohotse inyuma ya Nyakabiga yumvikanyemwo inkumbu nyinshi, iranakundwa n’abatari bake kuko mu mezi 6 gusa, imaze kurabwa n’abarenga 314, 000 ku rubuga rwa YouTube rwa Yoya rumaze gukurikirwa n’abarenga 23,000.

Yoya Jamal akaba anakumbuwe mu biteramo, kuko amaze igihe ataboneka mu giteramo na kimwe haba ku mugabane w’uburayi, wa Amerika co kimwe na Afrika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 782