BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yoya Jamal asaba abantu kumukwiriza abamukurikira 15,000 kuri Instagram

Mu gihe yitegurira gushira ahabona indirimbo nshasha mu misi iza naho ataramenyesha neza umusi uwariwo, Issa Jamal benshi bazi nka Yoya yatanguye gusaba  ngo abamukurikira bamufashe kurondera abandi bomukurikira kuri urwo rubuga rwiwe rwa Instagram kugira bikunde akwize abantu 15,000.

Urwo rubuga asabira gukwiza abo bantu, uno musi rukaba rufise abantu 11,000 barukurikira, Jamal akaba ari mu baririmvyi ndundi badakunze gusangiza abantu amashusho yabo, kuko foto yiwe ya nyuma aheruka gushira ahabona kuri urwo rubuga ari ishusho yashizweko igenekerezo rya 23/8/2019. Ico gihe kikaba gihurirana neza neza n’igihe yashira ahabona akaririmbo Mutima abantu baheruka kumwumvamwo.

Abantu bamwe bamwe bakaba bitabiriye ako kamo ko kumufasha kurondera abantu bamukurikirana, kuko hari abatanguye kubishira muma Storie yabo, kuko kuva batangura kubikwirakwiza abashika 100 bamaze kwitaba ako kamo,  nayo Uwo twabashije kubona ni nk’uwukoresha urubuga rwa Best of 257.

Urubuga rwa Instagram rwa Yoya rukaba rufise amashusho n’amasanamu 3 gusa amaze gushirwako, iya kera ari nayo ishobora kuba ariyo yatanguye kuri urwo rubuga ikaba ari iyo mu mwaka wa 2015, ikaba ari isanamu riboneka mu karirimbo kayitesi yasubiyemwo. Irindi shusho rikurikira rikaba ryayishizweko haheze imyaka 3, akaba abonekako akora umuziki muri Studio, aho hari mu mwaka wa 2018, nayo iya nyuma nkuko twabibabwiye akaba yayishizeko asohora indirimbo Mutima.

Ico bikoze Profile yo akaba aheruka kuyihindura kuko aheruka gushirako agafoto aho aboneka ariko avuza igitari, iyahorako nayo hakaba hahorako Cover y’iyo ndirimbo Mutima. Ihindurwa ry’iyo Profile rikaba ryashitse inyuma yaho yishuriye ibibazo bitari bike yabajijwe n’abakurikirana urubuga rwiwe rwa Instagram, aho ahanini vyagarutse ku ndirimbo adaheruka gusohora, hamwe n’ama Foto nayo yabuze kuri urwo rubuga.

Gushika ubu Yoya akaba aza mu bibanza vya nyuma mu baririmvyi bafise ababakurikirana benshi, kuko bamwe bamwe gushika bariko begereza 100,0000 kuri Instagram.

None Mbe burya hoba hari akarusho gahari kw’iboneka rya cane ku mbuga hwaniro canke kugira abagukurikirana batari bake, ubona ko hari n’abaguze abarenga 1,000,000 hano iwacu?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775