BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yoya Jamal ngo yarahaze mu gukumbura Nyakabiga

Yoya Jamal mu gusohora ya ndirimbo nshasha Nyakabiga ngo yarahaze aca aja guturira umube ku barundi basigaye mu gihugu.

 

Umu Comedien Ismail Gasore, kw’igenekerezo rya 01ruhuhuma niho yashira ahabona aka Video, aho yasa n’uwuriko aracokoza uwo muririmvyi avuga ko mu gihe we akumbuye Nyakabiga n’ibindi bice vy’igihugu, abari ngaha nabo ngo bashaka mu mahanga.

Ako ka Video Kakaba kakwirakwijwe hirya no hino n’abatari bake, aho kabatwengeje nk’ababashije kugira Commentaire kuri iyo Post yiwe yakoze.

Bamwe mu bakoze Commentaire, mu gatwengo kenshi, basavye uwo muririmvyi abarizwa mu Bwongereza ko nawe yoraba agasimbira hano iwacu bakamuha kuja mu carama kuyora umucafu.

Muri izo Commentaire kandi hari abamaze kubona ko iyo Video bwari uburyo bwo kuyimenyekanisha, aho bamwe babwiye Gasore ngo Jamal niyagira ico amuhaye ntabibagire.

Iyo ndirimbo ikaba yakunzwe n’abatari bake cane cane abari mu mahanga, kuko irimwo amajambo akora ku mitima ya benshi kubera inkumbu bafitiye muhira, nkuko vyabonetse Kuma Status ama Stories, n’ama Post abatari bake bakoze.

Iyo ndirimbo yasohotse haraheze imisi 2, ikaba imaze kurabwa ku rubuga rwa YouTube n’abarenga 50,000. Nyakabiga ikaba yakorewe mu Bwongereza na Made Beat, umuhinyanyuzi w’umunyarwanda aheruka kwimukira muri ico gihugu, iyo ndirirmbo Kandi ikaba yasohowe ari audio ata clip video ifise.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775