BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yoya Jamal yavuze ku ndirimbo yiwe nshasha buca asohora

Jamal ngo yabuze mu bwongereza abahinyanyuzi batahura imidiho aririmbamwo, nayahandi ngo aba yarabandanije asohora.

Yoya Jamal naho adatomora, aremeza ko hari indirimbo nshasha ariko arategura gushira ahabona mu misi ya vuba, ivyo akaba aheruka kubiyagira Bac T ku mboneshakure Afrimax Tv.

Muri ico kiganiro, uwo murrimvyi avuga ko ari mu gihugu kibanyi c’Urwanda mu bikorwa bitandukanye, ariko ko igihe vyarangiye azoheza agasubira mu gihugu c’Ubwongereza abarizwamwo muri kino gihe.

Jamal yabajijwe ivy’indirimbo yiwe nshasha, yishura umumenyeshamakuru Bac T ko hari indirimbo ziriko zirategurwa ko vuba zizoshirwa ahabona, ariko ntiyavuga neza umusi.

Issa ntiyaretse gutomora neza ko igituma amaze igihe ataboneka mu muziki ari kubera mu bwongereza yabuze uwumufata mu mugongo, co kimwe n’ibura ry’abahinyanyuzi batahura imidiho aririmbamwo.

Jamal akaba agarutse i Kigali inyuma y’imyaka 3 abarizwa mu bwongereza, aho vyavuzwe akigenda ko agiye gusangayo umukunzi wiwe, banafitanye umwana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775