BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yvan Muziki na Marina ngo barabana ay’ingwe

Hagati ya Yvan Muziki na Marina ubu aho umwe aciye uwundi yohaturira, ayo niyo makuru agezweho muri Entertainment I Kigali.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru igihe yanditswe na Emmy Nsengiyumva, abishikiriza, uwo muririmvyi w’umurundi afise n’akabira k’Urwanda, Yvan Muziki, ngo ntakiri mu rukundo na Marina baheruka gusubiranamwo akaririmbo “Urugo Ruhire” ka inarume wa Yvan Muziki, Massamba Intore.

Muri ayo makuru ntibatanga imvo zatumye abo bose uko ari babiri ata wugiha nirwere uwundi, ariko icavuzwe co n’uko Marina yemeza ayo makuru yaragize imisi ariko aravugwa i Kigali.

Amakenga akaba yatanguye aho abo bompi uko ari 2 bava i Dubai mu giteramo bahakoreye, ntibabasha gusangiza ababakurikirana amashusho y’ubuzima Bwiza babanyemwo i Dubai, Kandi bari basanzwe badashobora kureka gusangiza ababakurikirana uko bamerewe.

Igihe bagenda i Dubai, ku bavyibuka bagiye bambaye impuzu zisa, zo mw’ibara rya Orange. Aho mu kugenda bagiye haboneka ko akanyamuneza Ari kose hagati yabo.

Mu myaka 2 bari bamaze bavugwako urukundo hagati yabo, amakuru dukesha igihe avuga ko management uwo mukobwa abarizwamwo ya The Mane ishavu ryagera imutwe kuko umwanya yahora afata aja mu kazi, ngo wari waratwawe n’ivy’urwo rukundo ruvugwa hagati ya Yiwe na Yvan Muziki.

Mu kiyago Marina yagiranye na igihe, yirinze kugira vyinshi avuga kuri ukwo gutandukana kwabo, ariko avuga ko ubu batakiri mu rukundo.

Naho Marina avyemeye muri ino misi ko yari mu rukundo na Yvan Muziki, bose uko ari 2 bari bamaze igihe kitari gito batavyemera ko bari mu rukundo, nose bakaba bavuga ko ari abagenzi ba hafi cane gusa.

Ivy’Urwo rukundo hagati ya Yvan Muziki na Marina, bikaba ngo vyatanguye kuvugwa kuva aho Marina akoreye ibiteramo mu gihugu c’Ububirigi, aho mu bamwakiriye ngo Yvan yarimwo Kandi yabanye nawe neza muri ico gihugu.

Yvan Muziki na Marina bamaze kuririmbana Indirimbo 1 ariyo Urugo Ruhire RMX, iyo ndirimbo ikaba imaze kurabwa incuro 2,600,000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube, mu kiringo c’umwaka urenga bayisohoye, nayo iyiza ku mwanya wa 2 ikaba ari Feelings yakoranye na Bruce Melodie haheze imyaka 3, ikaba imaze kurabwa incuro 294,000.

Nyash akaba ariyo ndirimbo aheruka gusohora, iyo nayo akaba yayikoranye na Dj Pius. Mu mezi 2 isohotse iri mu kibanza ca 5 c’indirimbo zarabwe cane kuri urwo rubuga, ikaba imaze kurabwa incuro 122,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775