BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yvan Muziki yakoranye na Bruce Melodie akaririmbo

Ata gihindutse, Muziki agiye gusohora indirimbo yiwe nshasha, amajwi n’amasanamu (Audio & Video) bikazira rimwe.

Kimwe muvyashikanye Yvan Muziki mu gihugu kibanyi c’Urwanda camenyekanye. Ico naco n’ugushira ahabona akaririmbo gashasha, bikanashoboka ko kanakozwe muri iyi misi nyene.

Ako karirimbo kakaba kiswe Feelings, akaba yagakoranye na Bruce Melodie asanzwe muri kino gihe yifashe neza mu muziki nyarwanda.

Yvan akaba atabashije kumenyesha ryari kazoshirwa ahabona, ariko ikizwi co nuko kari mu nzira. Cover iyimenyekanisha ikaba yashizwe ahabona kuri uyu wa 6 wa nyuma w’umwaka wa 2019, hakaba kandi hanabonetse kandi ko iyo ndirimbo ishobora gusohokana n’amasanamu.

Tukaba tutarabasha kumuronka Yvan Muziki ngo agire vyinshi atubwira kuri iyo ndirimbo yiwe, co kimwe no Ku rugendo yagize muri ico gihugu kibanyi.

Mukibuka ko uwo muririmvyi aheruka gushira ahabona amasanamu y’akaririmbo haraheze umwaka urenga, akabaririmbo yasohoye ico gihe kakaba kabarizwa mu 100,000 Ku rubuga rwiwe rwa YouTube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775