BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yvan Muziki yoba yamaze gushika I Kigali

Igishobora kuba kijanye Yvan I Kigali ntikirabasha kumenyekana, ariko bikavurwa ko hampande y’ukuramukanya, hoba harimwo ugushira ahabona akaririmbo gashasha.

Inyuma y’igihe asa n’uwuri mu gacerere, bivurwa ko Yvan Muziki yoba agiye gushira ahabona indirimbo nshasha. Naho bikigoye kwemeza, Indirimbo nshasha izosohoka bivurwa yoba ari iyo yakoranye n’umuririmvyi w’umunyarwanda.

Mu makuru twahawe na bamwe mu bamwegereye avuga ko uwo muririmvyi kandi yoba aza yamaze gushika I Kigali, mu gihe turiko twandika ino nkuru.

Ayo makuru twaronse ntiyatomoye neza ijanye Yvan I Kigal. Ntitwabashije kumuronka ngo aduhe umuco kuri urwo rugendo ashobora kuba yakoreye I Kigali, naho bizwi ko agiye I Kigali aba agiye no kuramutsa incuti n’abavukanyi biwe.

Mwokwibuka ko Muziki akaririmbo kiwe ka nyuma kaheruka gushirwa ahabona ari Booboo, kasohotse mu kwezi kw8 mu mwaka wa 2018.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775