BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Za Visa Edith yavuga zihindutsemwo kwishuzanya hagati ya DJ Mario na Big Fizzo

Ivyatanguye ari ama Visa bibandanirije mu bijanye n’ukwishuzanya amafaranga ngo bafitaniye. Abo nabo s’abandi ni Big Fizzo hamwe n’umu Dj w’umurundi DJ Mario.

Icipfuzo ca Edith Stein c’uko abaririmvyi b’abarundi bavugirizwa cane indirimbo ku mugabane wa buraya bohabwa ama Visa, yagize ati :“Nosaba Imana ibikore. Uko tubona indirimbo z’aba Artistes bacu zivuzwa n’aba Djs bohanze(kurusha ab’iwacu) baza bararonswa ama Visas baza baraza kuzi Perfominga Hanze Peh”, ngo DJ Mario yoba yagitahuye nabi, ivyo bikaba vyashikirijwe na Big Fizzo inyuma yaho uwo Dj yandikiye kuri Status ya Whatsapp ko umutambukanyi wa Mugani Desire atarakwiye kuguma avuga cane ahubwo yarakwiye gutanga ama Visa.

Inyuma y’uguterana amajambo, uwo mu DJ akaba yaciye yibaza uko umuntu amufitiye amafaranga yobandanya amwishura, akaba yamusavye ko ukuganuka kwiwe kwoza kuzananye n’amafaranga yiwe. Yagize ati: “ Mbe Umuntu aronka gute inguvu zikwishura umuntu uziko akwishuza amahera. Tube tureka imikino kwanza ukitoka huko uje na Hela yangu. ”

Mugani ntiyatevye kumwishura kuko inyuma y’amasaha makeya, uwo muririmvyi akaba yaciye nawe yandika kuri Whatsapp ko DJ Mario iyo ashonje ngo abona ko abantu bose bamufitiye amafaranga.

Ivy’uko amufitiye amafaranga uwo mu Dj akaba yaramaze kubishikiriza mu kiyago yigeze kugirana n’umunyamideri Nella Neth kuri Instagram, aho Mario yashikirije ko amufitiye amafaranga 300,000 kandi ko ari nka hamwe amusanze ari ku muryango w’ijuru ngo atokwinjira yomusubiza inyuma kubera iryo deni amufitiye kuva kera gose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775