africa newshomepagekirundisociete

Zambia na Amerika bashobora gupfa abaryamana basangiye ibitsina

Imigenderanire hagati ya Zambia na Leta zunze ubumwe za Amerika ishobora gutosekara bikomeye. Ivyo n’ibiboneka mu majambo aheruka gushikirizwa n’ayo ma Leta yose.

Inyendamuvano ngo ni urubanza rw’abagabo 2 bafashwe mu 2017 bariko bahuza ibitsina, abo bagabo sentare ikaba iheruka kubacira urubanza rw’ugufungwa imyaka 15.

Uwuserukira Leta zunze ubumwe za amerika muri ico gihugu akaba yerekanye aho ahagaze, mu gushikiriza ko adashigikiye iyo ngingo na gato, ibitamwereye.

Daniel Foote aserukira leta zunze ubumwe za Amerika akaba yagabishijwe n’umukuru w’ico gihugu ko adakeneye gusubira kumubona muri ico gihugu kubera ko ariko ashaka kubatera igitsure.

Ivyo bikaba bivurwa ko bitabonywe neza n’iyo leta ya Amerika isanzwe ibaha imfashanyo ingana n’amadorare 500,000,000 buri mwaka. Ari naco gituma ngo yoba yaranamuhamagaye, ibishobora gufata igihe kugira bamusubirize.

Mwomenya ko ico gihugu ca Zambia ari kimwe mu bihagarara cane ku migirwa n’imigenzo y’abaho hambere, nayo icaha c’ukuryamana n’uwo musangiye igitsina kikaba naco gifise itegeko rigihana.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756