africa newshomepagekirundi

Zambiya yemeye ko hatangura guterwa no gukoresha ku mugaragaro urumogi

Abari muri Zambiya bagiye gutangura gukoresha Urumogi ku mugaragaro. Ico gihugu kikaba gikurikiye Afrika y’epfo na Lesotho nabo bamaze gutanga zimwe zimwe mu mpusha zo kururima.

Igiterwa c’urumogi ngo kigiye kurimwa ukuri kwamye muri Zambiya nkuko ibindi biterwa birimwa. Ivyo ni ibiheruka gushikirizwa n’umuvugizi wa Reta ya Zambiya.

Ikigiye gukurikira ngo ni ugushiraho itegeko rivyemeza, noneho ngo bakaricisha imbere y’abashikiranganji.

Gushika ubu akaba ata tariki nyezina babashije gushikiriza iryo tegeko rizoshikira imbere y’abashingamateka.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bukaba aribwo burindiriweko gutanga ibisabwa ngo umuntu yemererwa gukora ico gikorwa co kurima ico giterwa, gushika ubu bikaba vyari bibukijwe gutera, kudandaza canke kunywa ico giterwa, uwufashwe akaba yanapfungwa.

Uno musi ibihugu bitari bike kw’isi bikaba bimaze kwemeza ugukoresha ico giterwa, ku baba bashaka kwivura. Hano iwacu muri Afrika, Lesotho, nico gihugu ca mbere cemeje guterwa no gukoresha ico giterwa mu kwivura, aho hakaba hari mu mwaka wa 2017.

Nayo Afrika y’epfo ho, bakaba muri 2018 bahavuye bemeza ko abakuze bashobora gukoresha ico giterwa, kubw’inyungu zabo bwite.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755