East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Zari n’umukunzi wiwe bagiye kubaho ubuzima butandukanye n’ubwa be na Diamond

Zari ngo ntiyiteze kwerekana umukunzi wiwe mushasha, kuko ashaka ko aba uwiwe gusa. 

Umukunzi mushasha wa Zari ngo afise imodoka zitari nke kandi zikomakomeye, ariko si zose agenderamwo. Zari mu kiyago na Ayo Tv yavuze ko iyo yakunze muri zose ni Ferrari, iyo ngo ubu niyo agize igihe agenderamwo cane gusumba.

Nayo ku kibazo c’igihugu azomujanwo muri afrika y’ubuseruko, Zari avuga ko azomujana muri Uganda gusa, ngo nta handi, kuko amujanye muri Tanzania yogira ubwoba yohava asubirira inyuma ku kibuga c’indege. Muri ico gihe kandi, Zari avuga ko atazofata indege imwe nawe, kugira amukingire abantu ntibamubone.

Muri ico kiyago, uwo muvyeyi w’abana 5 yavuze ko yagendanye na benshi akaberekana, ngo uyu we ntawuzopfa amubonye. Yongerako ko uretse ko ashaka ko aguma ar’uwiwe gusa, ngo uwo mugabo yiswe King Bae asanzwe nawe adakunda kwishira ahabona co kimwe n’imbuga zihurirako abantu benshi, Social Media.

Muri ico kiganiro nyene Zari yavuze ko bamaze kugira ubugeni ariko atari bwabundi abantu bose bipfuza kubona, yagize ibintu vyoroshe, bagiye kwandikwa gusa. Uwo mugabo ngo asigaje kuja kuraba umuryango wa Zari muri Uganda.

Mwomenya ko ivyo bibaye mu gihe yatandukanye na Diamond haraheze umwaka umwe n’amezi 5 gusa, kandi bikanavurwa ko Zari yaheruka kwanka ubugeni n’uwo musore akunzwe cane muri kino gihe muri Afrika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769