East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Zari yabishuranye agahemo kenshi, anabasubiriza mu ndumane yemye

Kuva Zarinah Hassan benshi bazi nka Zari ari mu gihugu ca Tanzania, abamukurikirana kuri urwo rubuga rwiwe rwa Instagram ntibareka kugira vyinshi bamuvugako.

Inyuma yaho bamuvuzeko yoba yasubiranye na Diamond kubera igishika cinshi uwo muvyeyi wa bamwe mu bana biwe yamwakiranye, bakongera bakaba bashikiye mu nzu yiwe, s’ico gusa kuko muri ino misi bamaze muri ico gihugu bamaze gutemberana mu mice itandukanye y’ico gihugu.

Ubu ikigezweho n’uburyo asigaye angana, ico kikaba kigize imisi kivugwa cane ku mbuga ngurukanabumenyi z’abanyarusaku muri ico gihugu kibazwa Magufuli. Aho n’inyuma yaho ashiriye ku rubuga rwiwe rwa Instagram amashusho abarizwa muri Tanzania.

Uwo muvyeyi w’abana 5 nawe ntiyatebeje nkuko vyama kwishura uwariko amubwira ko asigaye yaravyibushe. Zari uwariko arabimubaza, yamusubirije mu ndumane mu majambo y’agahemo kenshi.

Yamwishuranye agahemo kenshi yibaza impamvu ibitababaje patiri bibabaza umukorezi. Yongeyeko ko mu gihe africa y’epfo yabarizwa mu bihe bitoroshe vyo kugwanya bikomeye Corona Virus ata wuva mu nzu, ngw’ikibanza yagendamwo ni muri Frigo.

Aha mwomenya ko zari atari muri ba bantu bagira ico bavuzweko ku mbuga ngurukanabumenyi hama avyirengagize, kuko ku rubuga rwiwe rwa Instagram abamuburira indera, atabarenzako uruhu rw’amazi, ariko abasubiriza mu ndumane yeruye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769