homepageInkinokirundikirundi_Sports

Zidane ashobora kutaja muri PSG ahubwo akaja ahandi

Zinedine Zidane asanzwe muri kino gihe ata mugwi numwe ariko aramenyereza kuva avuye muri Real Madrid, uwo mumenyeshamakuru ntareka kuvugwa cane mu binyamakuru ku mugabane wa buraya.

Mu misi iheze hari impari ku nzira azohava afata, kuko PSG imukeneye cane ngo asubirire Pochettino atariko avyifatamwo neza, ariko nawe akipfuza kuja kumenyereza umugwi nserukiragihugu w’ubufaransa, naho uwutwara ishirahanwe ry’umupira w’amaguru mu bufaransa yamukuriye inkoni ku gishitsi ko bidakunda.

Uwo mumenyereza yavuzweko ko ari nka hamwe yerekeje muri PSG ashobora kugenda ajanye na Cristiano Ronaldo, bavyumva kumwe kuko Ari umuntu wiwe wa hafi, ngo ashobora ahubwo kuterekeza muri ico gihugu ciwe c’amavukiro akerekeza mu butariyano.

Nkuko biriko bivugwa n’ibinyamakuru vyo mu butariyano, ngo uwo mumenyereza ashobora gusubirira umumenyereza Massimiliano Allegri asanzwe muri kino gihe ariwe ariko amenyereza umugwi wa Juventus FC.

uwo mugwi ngo woba wipfuza gufatana urugendo na Zidane kugira baronse igikombe ca Serie A.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871