BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Kebby boy ngo yarabizi ko abakunzi b’ibikorwa vyiwe bari bamunyotewe gose

Kebby yashimiwe n’abatari bake bari bagize igihe bamunyotewe kubera ukubura kw’uturirimbo twiwe muri ino misi. Akaba yaragize igihe asa n’uwuri mu gacerere gakomeye.

Abo bakaba bashimye mu gihe aheruka gushira ahabona akaririmbo gashasha. Ako akaba atari yamenyesheje ko kimirije gusohoraka, ariko akaba yagiriyeko nk’umuryi w’igisahira.

Ako karirimbo kashizwe ahabona, kakanashirirwa ahabona amasanamu y’amajambo akagize, kakaba kiswe “uranyuzuza”. Akaba yashizemwo indirimbo zibiri zirimwo ikirundi adakunze cane gukoresha cane mu ndirimbo.

Agashira ahabona kakaba kaherekezeshejwe amajambo yarabishwa ku bankunzi b’ibikorwa vyiwe. Aho akaba yabavuga ko borangiza umwaka baraba ako karirimbo kuko abizi ko bari bamukumbuye gose.

Ako akaba agashize ahabbona mu gihe amaze igihe atabarizwa i Bujumbura, ikibanza ca nyuma indundi yamenye ko arimwo akaba ari mu gihugu c’ubufaransa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760