featured sporthomepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports| Saido Ntibazonkiza agiye gukina muri Vital’o Fc

Uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Ntibazonkiza agiye gusubira gukinira umugwi yahoze akinira Vital’o Fc mu nkino zo gusubiriza.

 

 

Saido Ntibazonkiza akaba yari amaze ikiringo c’imyaka irenga 3 atamugwi abarizamwo inyuma yo gukinira Fc Kaysar wo mu cicaro cambere mu gihugu ca Kazakistan.

Ku makuru Indundi Sports yaronse ariko idafitiye ivyemezo avuga ko ikiringo cose uwo yahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba yamaze ataboneka mu kibuga aruko atari bwa ronke urupapuro ruva mu Mugwi Ac Kaysar rumwemerera gukina mu mugwi uwariwo wose bivanye nuko yari agifitaniye amasezerano n’uwo mugwi .

Ayo makuru yuko Saido Ntibazonkiza agiye gukina muri Vital’o Fc akaba yemezwa na zimwe mu Ndongozi z’umugwi Vital’O Fc .

Bikavugwa ko Saido Ntibazonkiza ashobora no kutamara igice cakabiri c’ihiganwa rya Primus league Burundi bivanye n’uko ashobora kuba yaronse uwundi mugwi wo hanze .

Saido Ntibazonkiza n’umwe mu bakinyi b’abarundi bakinye mu gihugu vy’iburayi na hano iwacu aho yakuriye mu mugwi Meridien, munyuma awuvamwo aguzwe na Vital’O Fc ari naho yandikishije amateka adasanzwe , mugihe mu bihugu vy’iburayi yakinye muri Hollande , Pologne , Turky , mu bufaransa hamwe na Kazakistan .

Yabaye kizigenza w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mu nkino zitarinke akaba yarigeze no kuwufasha ibitari bike nko kwemerera ama Prime de Match bagenzi biwe iyo batsinze urukino ndetse no kuwuzanira umwambaro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874