Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Ng’uyu uwuriko akekwa ko ariko yonona igiteramo kirindiriwemwo Yemi Alade i Bujumbura

Inyuma y’igihe kitari gito habonetse igiteramo kigiye guhuza abaririmvyi bakomeye muri kano karere ka Afurika y’ubuseruko ndetse na Afurika yose muri rusangi ariko bikabonekamwo amakenga menshi bivanye n’amazina y’abaririmvyi babonetse kumpapuro ndanga giteramo (Affiche) ubu bisa n’ibiriko birayangara.

Bamwe bati biyangara gute?

Kuva iki giteramo kigiye guhuza abaririmvyi b’ibihangange hano muri Afurika kigiye ahabona haragiye haraboneka amakenga menshi kuri aba na bariya bagakeka ko coba ari n’ikinyoma kuko atamashirahamwe canke abagwizatunga basanzwe bamanyerewe mu gutegura ibiteramo bariko baboneka ku rutonde rw’abariko barabitegura

Bamwe bati uwugiye kubana abo baririmvyi ni Patrick umwe yazana Wema mu Bwiza munyuma hagasohoka amasanamu y’urukoza soni bigatera ikibazo gikomeye kukumenyekana kwa Wema Sepetu ndetse bikanateza urubwa izina ryiwe vyanamuviriyemwo gukoranya abanditsi n’abamenyeshamakuru bo mugihugu asanzwe akomokamwo arico Tanzaniya.

Patrick asanzwe arongoye PCK Entertainment n’umwe amaze gutunganya ibiteramo vyinshi hanze y’igihugu canecane mu gihugu kibanyi c’Ubuganda harimwo ayamaze kugenda neza ndetse udasize inyuma n’ayamaze guhomba dufatiye kuyahimvye ubu vuba yari ku zana umu Dj akomeye cane kw’isi asanzwe azwi kw’izina rya Dj Khaled

Mu giteramo giteguwe na PCK Entertainment kur’uyu wa 28 kigarama z’uwu mwaka tugiye kurangiza 2019 ubona ko ari igiteramo citeguriwe na benshi na cane cane ko kizoba gihurikiyemwo abaririmvyi benshi duhereye kuwo citiriwe Yemi Alade azoba aherekejwe n’abaririmvyi mvamahanga nka :

-Dr Jose Chameleon
-Weasel (Good Life)
-Ray Vanny (Tz)
-Romy Jons (Tz)
Aho abo bose bazoba baherekejwe n’abaririmvyi b’abarundi nka:

-Lolilo
-Dr Claude
-Dj Pro
-Mista Champagne

Kuri uyu wa 20 Kigarama uyu mwaka nyene turangiza 2019 niho umuririmvyi kazi Yemi Alade yemeza abicishije ku rubuga rwa Twitter aho yanditse asaba abarundi n’abarundi kazi kutokwitabira ico giteramo aho yemeza ko uwuriko aragitunganya ari umuswaganyi aho yakoresheje amajambo adahesha icubahiro uwavuzwe mu kumwita *umusuma, umunyabinyoma*

Ariko inyuma yaho hatanguye gukekwa no kwagirizwa bamwe mu basanzwe batunganya ibiteramo hano ku butaka bw’Uburundi aho izina rigaruka cane ari izina ry’uwusanzwe ari Manager wa *The Fighter Production* akaba anahagarariye ibikorwa vy’umuririmvyi *Vichou Love* basanzwe nabo bafise igiteramo citiriwe *East African Party* kizohuriramwo umuririmvyi Vichou Love aherekejwe n’abaririmvyi benshi b’abarundi aho kandi bazoba baherekejwe n’umuririmvyi akomoka mu gihugu ca Tanzaniya azwi cane ku ndirimbo zagiye zikundwa kera nka Kikulacho n’izindi nyinshi ariwe *Mr Nice*.

Twobibutsa ko kur’uyu wa 21 ariho habonetse ico twokwita ubutumwa Patrick yandikiranye n’uwo muririmvyikazi ava mugihugu ca Nigeria Yemi Alade aho ubwo butumwa bugaragaramwo ifoto ya Happy Famba aho biboneka ko icuka atari ciza hagati y’abo bagabo bompi babiri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769