africa newsEast Africa NewsEntertainmenthomepagekirundi

Ukwirukanwa kwa Yvonne Chakachaka muri Uganda, kwavugishije benshi

Iyirukanwa ry’umuririmvyikazi Yvonne Chakachaka ku butaka bw’Ubuganda aho yari yajanywe n’ugukora igiteramo muri ico gihugu, vyavugishije abatari bake, mbere n’abakomeye muri Afrika y’epfo.

Amakuru dukesha itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Turquie, avuga ko uwo muririmvyikazi wo muri Afrika y’epfo yoba yahowe ko yateye intege mugenziwe Bobi wine, ubu abarizwa mu batavuga rumwe na leta ya Yoweri Kaguta MUSEVENI.

Naho ariko bamwe babivuga, umuvugizi w’igipolisi we avuga ko Yvonne yirukanywe kuko yashaka gukora ico atasabiye uruhusha. Aho akavuga ko yinjiye nka mukerarugendo asanzwe, kandi yategerezwa gusaba kwinjira nk’uwugiye mu kazi.

Abagize ico bashikiriza ku muhora wa Twitter, bakaba bahurije hamwe ko uwo mukuru w’igihugu ca Uganda akwiye gukinjura ngo kuko amaze gufata ico gihugu nkaho ari rwiwe.

Uwabafashe mu mugongo n’umunyamabanga w’umugambwe utavuga rumwe na leta ya Afrika y’epfo, aho avuga ko ukwirukana uwo muririmvyi akomeye muri Afrika ari ikimenyetso ko ashaka ukwiyugarana kw’ico gihugu.

Mwomenya ko ivyo vyabaye kuri uyu wa 2, aho yagira akore igiteramo kirangiza umwaka wa 2019 muri ico gihugu ca Uganda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769