africa newsEast Africa NewshomepagekirundisecurityWorld News

Umusirikare w’umunyamerika yasize ubuzima mu gitero cakozwe n’aba El shabab

El shabab yasubiye kugaba igitero kw’ikambi y’abanyamerika mu bumanuko bushira uburengero bwa Kenya, aho hari kuri uyu wa mungu.

Umusirikare 1 n’abasivile 2 b’abanyamerika nibo igisata AFRICOM kimenyesha ko caburiye mu gitero cabaye kuri uyu wa mungu kw’ikambi ya gisirikare ya Leta zunze ubumwe bwa Amerika iri mu bumanuko bushira uburengero bwa Kenya.

Ico gitero kikaba kimaze kwemerwa n’umurwi w’iterabwoba wa El shabab, aho bo bavuga ko ico gitero cahitanye abantu 17 b’abanyamerika bakorera muri iyo kambi, hamwe n’abanya Kenya 9.

Muri iryo tangazo ry’ico gisata ca gisirikare ca Leta zunze ubumwe bwa Amerika kibishikiriza, ngo hampande y’abahasize ubuzima, hari na 2 bahakomerekeye.

Nkuko amakuru dukesha BBC Afrique abishikiriza ngo abasirikare b’ico gisata ntibakunze gupfa muri ako gace. Uretse ko muri 2017, hari 1 yahasize ubuzima mu gitero kuri uwo muhari nyene muri Somaliya.

Muri iryo tangazo nyene, bavuze ko ico gitero co kuri uyu wa mungu ngo hakoreshejwe inkoho ntonto, kandi nivyononekanye ngo ni indege 6 z’abacivile.

Ayo makuru abandanya avuga ko abanya Kenya nabo bari bamenyesheje ko basanze ibiziga 5 vy’abo bihevyi.

Ivyo bikaba bibaye mu gihe hari ikindi gitero caheruka kuba ku modoka yatwara abantu, ikaba yarivuye i Mombasa, 3 bakaba barapfuye, nayo 2 bakaba karakomeretse gusa. Ivyo bikaba vyabereye ku rubibe Somalia ihana na Kenya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755