homepagekirundikirundi_Sports

Breaking news : Coach Karumba Jean yitavye umuremyi

Umumenyereza w’intamba mu rugamba z’abakinira ku musenyi Soccer Beach yitavye umuremvyi kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 08 Nzero 2019 isaha icenda 15h00.

Karumba Jean batazira Tigana akaba yafashwe ku musi wa mbere igenekerezo rya 06 Nzero atwarwa ku bitaro vyo mu Buyenzi riri kw’ibarabara rya 15/2 munyuma biranka abona kujanwa muri Réanimation ku bitaro vyitiriwe umuganwa Karori, Hôpital Prince Régent Charles, bikavugwa y’uko yoba yahitanwe n’ingwara y’umutima “Hypertation”.

Mu kwezi guheze kwa kigarama Karumba Jean Tigana yafashije umugwi nserukira gihugu w’intamba zo kumusenyi Soccer Beach gufata ikibanza ca gatatu mw’ihiganwa rya Soccer Dar Es Salaam Beach Soccer ryabereye mu gihugu ca Tanzaniya aranatorwa nk’umumenyereza mwiza w’akarorero yaranze iryo higanwa.

Umuhisi Tigana yamenyereje imigwi yo muri Academies le Messager kuva bakiri bato mu kiringo c’imyaka 10, amenyereza Olympic Star y’i Muyinga, Arafat Fc, Inter Star, Delta Star yo mu gatumba amenyereza no muri Congo mu mugwi wa Muungano Fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871